• Andika urutonde rw’ivyabaye. Niba bishoboka ko ubikora mu buryo butabangamira umutekano wawe, ushobora gufata video canke ugafata amajwi canke ukanafotora. Ivyoba vyiza, wokwandika ivyabaye, aho vyabereye, n’igihe vyabereye. Ni vyiza ko wobikora bikiba kubera urindiriye hagahera umwanya, ushobora kubyigira.
• Bishobotse wokwandika amazina na nomero za telefone z’ivyabona.
• Gutanga raporo: ushobora kumenyesha umugenzi ivyakubayeko canke ishirahamwe wumva ufitiye icizere.
• Niba uri mu kibuga c’amashure ya leta, raba amategeko agenga uburenganzira bw’abantu, kuri interineti y’ikibuga c’amashure matomato n’ayisumbuye wigaho, hama ukurikize ivyo basaba.
• Ushobora gushikiriza ivyagushikiye mugihe woba uri mu gasho canke mu bitaro vya leta. Bisaba ko ubaza uko babigenza, ugaca ubikurikiza.
• Aho ukorera canke ku mashuri y’abigenga, naho nyene bashobora kuba bafise amategeko y’uburenganzira bw’abantu.
• Niba ukandamijwe n’umugenzi wawe canke umwe mu bo mu muryango wawe, ushobora guhamagara anashinzwe gutabara kuri iyi nomero: 1-800-669-3176 canke ukaja kubashinzwe kurenganura abarenganye kuri iyi nomero: 1-877-500-2980.